Pular para o conteúdo
Publicidade

2 Ngoma 20:15-17

15 Avuga ati: "Nimwumve, mwami Yehoshafati namwe ababa i Buyuda n’i Yerusalemu mwese! Uku ni ko Uhoraho ababwiye: ‘Ntimutinye canke ngo mwihebure kubera izo ngabo nyinshi. Kuko intambara si iyanyu, ni iy’Imana. 16 Ejo muze mumanuke mubategere. Bazoba bariko baraduga baciye ku kadugo k’i Zizi, namwe muzobasanga bari aho ikiyaya kigarukira, mu bugaragwa bw’i Yeruweli. 17 Ntimuzorinda kugwana iyi ntambara. Muze mutonde urugamba muhagarare ku ruhande rwanyu; mushikame kugira ngo murabe ugutabarwa Uhoraho azobaha, mwebwe Abayuda n’ab’i Yerusalemu. Ntimutinye, ntimwihebure. Ejo muze musohoke muhangane na bo; kandi Uhoraho azoba ari kumwe namwe.’ "

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.