3 Yehoshafati aratinya, aca ahitamwo gusiguza Uhoraho, kandi ategeka ko Abayuda bose bisonzesha. 4 Abantu b’i Buyuda bakoranira hamwe ngo barondere Uhoraho; kandi bari bavuye mu bisagara vyose vy’i Buyuda baje kurondera Uhoraho.
15 Avuga ati: "Nimwumve, mwami Yehoshafati namwe ababa i Buyuda n’i Yerusalemu mwese! Uku ni ko Uhoraho ababwiye: ‘Ntimutinye canke ngo mwihebure kubera izo ngabo nyinshi. Kuko intambara si iyanyu, ni iy’Imana. 17 Ntimuzorinda kugwana iyi ntambara. Muze mutonde urugamba muhagarare ku ruhande rwanyu; mushikame kugira ngo murabe ugutabarwa Uhoraho azobaha, mwebwe Abayuda n’ab’i Yerusalemu. Ntimutinye, ntimwihebure. Ejo muze musohoke muhangane na bo; kandi Uhoraho azoba ari kumwe namwe.’ "
22 Bagitangura kuririmba no guhimbaza, Uhoraho atega imitego ba Bamoni n’Abanyamowabu n’abo mu misozi y’i Seyiri bari baje gutera i Buyuda baca baratsindwa.