1 Uhoraho abarira Mose ati: 2 "Bwira Abisirayeli bazane inkoni icumi na zibiri, imwimwe ku muryango wose ivuye ku mukuru aserukira uwo muryango. Uze wandike izina rya nyene inkoni ku nkoni yiwe. 3 Ku nkoni ya Lewi uze wandike izina rya Aroni, kuko hategerezwa kuba inkoni imwe ku mukuru w’umuryango wose. 4 Muze muzishire mw’Ihema ry’Ibonaniro imbere y’Isandugu y’Isezerano, aho mbonanira namwe. 5 Inkoni y’uwo nzoba ntoranije izoshurika, gutyo nzoba nikuriyeho imyidogo Abisirayeli bama bakwidogera."
6 Nuko Mose avugana n’Abisirayeli, maze abakuru babo bazana inkoni zabo icumi na zibiri, imwimwe ku mukuru w’umuryango wose, n’inkoni ya Aroni yarimwo. 7 Mose ashira za nkoni imbere y’Uhoraho mw’Ihema ry’ibishingantahe.
8 Bukeye Mose yinjira mw’Ihema ry’ibishingantahe aca asanga inkoni ya Aroni yaserukira umuryango wa Lewi, ntiyatutuje amababi gusa ahubwo yashuritse yongera yama na alumonde zihiye. 9 Nuko Mose asohora za nkoni azikura imbere y’Uhoraho azizanira Abisirayeli bose. Baziravye, umwe wese atora iyiwe.
10 Uhoraho abarira Mose ati: "Subiza ya nkoni ya Aroni imbere y’Isandugu y’ibishingantahe, kugira ngo ibe ikimenyetso c’abagumutse. Ivyo bizokuraho imyidodombo banyidodombera, kugira ngo ntibapfe." 11 Mose aca akora nk’uko Uhoraho yamutegetse nyene.