18 Abantu babonye imiravyo bakumva n’imituragaro n’ijwi ry’inzamba, bakabona n’umusozi wuzuye umwotsi, barajugumira baterwa n’ubwoba bwinshi, baguma bahagaze kure. 19 Babarira Mose bati: "Twibwirire wewe nyene turakwumvira. Ntureke Imana ngo ibe ari yo itwibwirira, twohava dupfa."
20 Mose abarira abantu ati: "Ntimugire ubwoba. Imana yaje kubagerageza kugira ngo igitinyiro cayo kigume muri mwebwe, gitume mudakora ivyaha."
21 Maze abantu baguma bahagaze kure, Mose aba ari we wenyene yegera ico gicu kinini c’umuzitanya Imana yarimwo.
Uhoraho avuga ivyerekeye igicaniro
22 Uhoraho abarira Mose ati: "Barira Abisirayeli uti: ‘Mwiboneye ko navuganye namwe ndi mw’ijuru. 23 Ntihaze hagire izindi mana mumbangikanya. Ntimukicurire ibigirwamana mu nzahabu canke mw’ifeza.
24 Muze munyubakire igicaniro mukoresheje ivu, munshikanireko ibimazi vyanyu biturirwa n’umuriro, n’amashikanwa y’ishimwe, intama n’impene hamwe n’inka zanyu. Aho nzotuma mwibukira izina ryanje, nzohabasanga ndabahezagire. 25 Ariko, nimwacubaka mu mabuye, ntimuzokoreshe amabuye abajwe kuko murikojejeko icuma muba murihumanije. 26 Kandi ntihazogire uwuduga ku gicaniro nk’aho umuntu yoba agendera ku ngazi, kugira ngo ntacerekanireko ubwambure bwiwe.’