Uko ibiterekwako amatara bizoba bimeze
31 Muze mucure igiterekwako amatara mu nzahabu itavanze kandi bahondaguje inyundo. Ibikigize vyose bizobe bifatanijwe, bigizwe ikintu kimwe hamwe n’ibigisharije: intebe yaco, umutumba waco, n’ibikombe vy’amatara bimeze nk’amashurwe apfunditse n’ayasambuye.
37 Maze muheze mugikorere amatara indwi, muyagishireko kugira ngo aboneshe imbere yaco. 39 Mu gucura ico giterekwako amatara hamwe n’ibijanye na co vyose hazokoreshwe italanto25:39 Ni nk’ibilo 34. y’inzahabu itavanze.