Pular para o conteúdo
Publicidade

Kuvayo 27:1-8

Kwubaka igicaniro

1 Muzonyubakire igicaniro mukoresheje imbaho z’igiti c’ikasiya gifise uburebure n’ubwaguke bingana ku rugero rw’ingero z’igice c’ukuboko zitatu27:1 Ni nk’imetero 1,4., n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu27:1 Ni nk’imetero 2,3. z’igihagararo. 2 Muzogihe amahembe ane mu mfuruka zine, kandi azobe akozwe kimwe n’igicaniro, hanyuma mucomekeko umwakaka. 3 Bazogikorere ibikoresho vyose bijana n’igicaniro, ari vyo vy’ibi: udukono two kuyoreramwo umunyota, ivyo kuyoza umunyota, ibipawa, ivyo kwokoza inyama, n’ico kurahurirako umuriro. Ivyo bizokorwe mu mwakaka. 4 Muzogicurire akayungiro ko kwokerezako mu mwakaka, bagashireko ibigombo bine mu mfuruka zine zako. 5 Bazogashire musi y’imbiga z’igicaniro, amaja hagati na hagati mu gicaniro. 6 Ico gicaniro muzogikorere imyamba miremire ibiri y’ikasiya, muyomekeko umwakaka. 7 Iyo myamba muzoyicishe muri vya bigombo, ishike ku mpande zompi izokoreshwe mu kurerura igicaniro. 8 Ico gicaniro kizoba gikozwe mu mbaho, kimeze nk’isandugu ipfunduruye, nk’uko mwavyerekewe ku musozi.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.