Igicaniro co gushikanirako ibimota neza
1 Uzokoreshe igicaniro co guturirirako ibimota neza, bagikore mu giti c’ikasiya. 6 Ico gicaniro kizoterekwe imbere ya ca gitambara kiri imbere y’Isandugu y’Isezerano, imbere ya wa mupfundikizo upfutse isandugu irimwo vya bisate vy’ivyagezwe. Aho ni ho tuzobonanira.
7 Aroni azogituririreko ibimota neza imisi yose mu gatondo igihe azoba ariko arashira amavuta mu matara. 8 Aze yongere aturire ibimota neza igihe azoba adometse amatara ku mugoroba, kugira ngo ibimota neza bizokwame vyakira imbere y’Uhoraho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana. 10 Rimwe mu mwaka, Aroni azohore atangira ikimazi c’impongano ku mahembe y’ico gicaniro. Amaraso y’ikimazi c’impongano y’ivyaha azoyasige ku mahembe y’ico gicaniro akibere impongano. Ivyo bizokwame biba gutyo ku mwaka ku mwaka, uko urunganwe ruzogenda rukurikira urundi. Ico gicaniro ni icejejwe c’Uhoraho."