5 baja kubwira Mose bati: "Abantu bagumye bazana ibikoresho birenze ibikenewe kuri iki gikorwa Uhoraho yatugeze gukora."
6 Maze Mose aca ashinga ko bakwiragira mu makambi yose babwira abantu bati: "Ntihagire umugabo canke umugore asubira kugira ico atanze nk’ishikanwa ryo kwubaka ihema." Maze abantu ntibaba bagisubira gutangira iryo hema. 7 Ivyo bari bamaze gutanga vyari birengeye ivyari bikenewe ku bw’ico gikorwa.