Publicidade

Deuteronômio 13

Ivyo gusenga ibigirwamana

1 Nihagira umuvugishwa canke umuntu asobanura indoto ahaguruka muri mwebwe akababwira ibizoba, agatanga ibimenyetso canke ibitangaza, 2 hanyuma vya bitangaza bishitse akababwira ati: "Nimuze dukurikire izindi mana tuzikorere," ababwira imana mutari muzi, 3 ntimuzokwumvirize amajambo y’uwo muvugishwa canke uwo murosi. Uhoraho Imana yanyu azoba ariko arabagerageza ngo arabe ko mumukunda n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose. 4 Uhoraho Imana yanyu ni we wenyene wo gukurikira, kandi ni we wo gutinywa bifatanije no kwubahwa. Mukurikize amabwirizwa yiwe, mwongere mumwubahe, mumukorere, mwongere mumwumireko.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-