Pular para o conteúdo
Publicidade

Guharura 10

33 Nuko bava ku musozi wUhoraho bagenda imisi itatu. Isandugu y’Isezerano yUhoraho yagendera imbere yabo muri iyo misi itatu kugira ngo abaronkere aho kuruhukira. 34 Ca gicu cUhoraho cari hejuru yabo ku murango igihe bava aho bari bacumbitse.

35 Igihe cose iyo isandugu igiye, Mose yavuga ati:

"Haguruka, yewe Uhoraho!

Abansi bawe nibasanzare;

abakwanka nibahunge mu nyonga hawe."

36 Igihe cose ihagaze, yavuga ati:

"Garuka, Yewe Uhoraho,

mu bihumbi n’ibihumbi vy’Abisirayeli."

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também