Ukutubahiriza ivyo kwabirana
13 Nihagira umugabo yabira umugore, amaze kuryamana na we akumva aramwanse, 14 akamumaramaza mu bantu amwagiriza ko yigenjeje nabi, akavuga ati: "Igihe narongora uwu mugore nasanze ata bimenyetso vyerekana ko atigeze aryamana n’umugabo afise," 15 abavyeyi b’uwo mugore baze bashire abakuru b’ico gisagara ivyemeza ko uwo mugore atigeze aryamana n’uwundi mugabo. 16 Se w’uwo mugore azobwire abatware ati: "Uwu mugabo namuhaye umukobwa wanje ngo abe umugore wiwe, ariko ubu aramwanse. 17 Yamumaramaje avuga ati: ‘Nasanze umukobwa wanyu atagifise ibimenyetso vyerekana ko atigeze aryamana n’uwundi mugabo.’ Ariko ng’ibi ibimenyetso bigaragaza ko umukobwa wacu atigeze aryamana n’uwundi mugabo." Abo bavyeyi bazokwerekane impuzu yiwe imbere y’abakuru b’igisagara.