Pular para o conteúdo
Publicidade

Kuvayo 12

24 Ibi mubikurikize nk’icagezwe kizokwamaho kuri mwebwe no ku bana banyu. 25 Nimwashika mu gihugu Uhoraho azobaha nk’uko yakibasezeraniye, muzokwame mwibuka kugira uwo musi mukuru. 26 Abana banyu nibababaza bati: Mbega uwu musi mu vy’ukuri usigura iki?27 Muzobabwire muti: Ni ikimazi ca Pasika dushikanira Uhoraho, kuko yarenganye amazu y’Abisirayeli muri Egiputa, arengana ingo zacu, atikiza Abanyegiputa.’ " Mose ahejeje kubabwira ivyo, baca barunama barasenga.

Veja também