10 None rero genda, ndakurungitse kuri Farawo kugira ngo ukure abantu banje b’Abisirayeli muri Egiputa."
11 Ariko Mose yishura ati: "Mbega jewe ndi iki aho undungika kuri Farawo ngo nkure Abisirayeli muri Egiputa?"
12 Imana iramwishura iti: "Nzoba ndi kumwe nawe. Kandi iki ni co kimenyetso kizokwemeza ko ari jewe ndakurungitse: Niwakura abantu banje muri Egiputa, muzonsengera kuri uwu musozi."