5 Hanyuma umukobwa wa Farawo amanuka ku ruzi kwiyuhagira, incoreke ziwe na zo ziba ziratembera ku nkengera y’uruzi. Nuko abona ka gaseke kari mu rufunzo aca atuma incoreke yiwe kukamuzanira. 6 Agapfunduruye asanga karimwo umwana. Uwo mwana yariko ararira hanyuma aca amugirira impuhwe, aravuga ati: "Uwu ategerezwa kuba ari umwe mu bana b’Abaheburayo."
7 Maze mushiki w’uwo mwana aca abaza uwo mukobwa wa Farawo ati: "Nje mu Baheburayokazi kukuronderera umugore yomukwonkereza, akamurera?"
8 Na we aramwishura ati: "Egome, genda." Mushikiwe aca aja guhamagara nyina wiwe. 9 Wa mukobwa wa Farawo aramubwira ati: "Akira uwu mwana umunyonkereze, nzoguhera." Wa mugore aca aramwakira aja kumurera.