10 Ubabwire bankorere isandugu mu giti c’ikasiya, ifise ingero z’igice c’ukuboko zibiri n’igice25:10 Ni nk’imerero 1,1. z’uburebure, ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice25:10 Ni nk’isantimetero 68. y’ubwaguke, hamwe n’ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice25:10 Ni nk’isantimetero 68. y’igihagararo. 11 Bazoyisige inzahabu itavanze imbere n’inyuma, kandi bazoyikorere urubiga rw’inzahabu ruyikikuje. 12 Bazoyicurire ibigombo bine mu nzahabu babimadike ku mfuruka zine zayo; bibiri ku ruhande rumwe, ibindi bibiri ku rundi. 13 Bategure n’imyamba ibiri miremire igororotse mu giti c’ikasiya, bayomekeko inzahabu. 14 Bazokwinjize iyo myamba muri ivyo bigombo bine biri ku mpande zibiri za ya sandugu kugira ngo ibe iyo kurerura iyo sandugu. 15 Iyo myamba ibiri ize yame muri ivyo bigombo ntize yigere ivamwo. 16 Muri iyo sandugu uzoshiremwo vya bisate vy’amabuye biriko amabwirizwa nzoguha.
17 Bazoyicurire umupfundikizo wo guhongerako mu nzahabu itavanze, ufise ingero z’igice c’ukuboko zibiri n’igice z’uburebure n’ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’ubwaguke. 18 Baze bacure abakerubi babiri mu nzahabu ihondaguye n’inyundo, bazobatere ku mpera zibiri z’uwo mupfundikizo. 19 Umukerubi umwe azoje ku mutwe umwe w’umupfundikizo, uwundi aje ku wundi mutwe, hanyuma vyose bizofatanywe bigirwe nk’ikintu kimwe. 20 Abakerubi bazobe bashanje amababa yabo araba hejuru, bayapfutse wa mupfundikizo wose. Bazobe barabana, bunamye baraba ku mupfundikizo w’isandugu. 21 Uwo mupfundikizo uzoshirwe kuri ya sandugu, muri iyo sandugu na ho muzoshireyo vya bisate vy’amabuye biriko amabwirizwa nzoguha.