Yosefu yimenyekanisha kuri bene se
1 Maze Yosefu bimunanira guhisha ibigumbagumba yari afise imbere y’abakozi biwe. Nuko abategeka gusohoka bose, asigarana na bene se gusa, maze arabimenyekanisha.
4 Yosefu arababwira ati: "Nimunyegere!" Nuko baramwegera. Arabandanya ati: "Ndi Yosefu, umuvukanyi wanyu. Ni jewe mwagurishije nk’umugurano muri Egiputa. 5 Ubu rero ntimubabare kandi ntimwiteko ishavu ko mwangurishije muri kino gihugu. Imana ni yo yandungitse imbere yanyu, kugira ngo ikize ubuzima bwanyu mu gihe nk’iki.
15 Yosefu agumbira bene se bose yongera arabasoma arira; na bo batangura kumuvugisha bidegemvya.