26 Abana banyu nibababaza bati: ‘Mbega uwu musi mu vy’ukuri usigura iki?’ 27 Muzobabwire muti: ‘Ni ikimazi ca Pasika dushikanira Uhoraho, kuko yarenganye amazu y’Abisirayeli muri Egiputa, arengana ingo zacu, atikiza Abanyegiputa.’ " Mose ahejeje kubabwira ivyo, baca barunama barasenga.