17 Sebukwe wa Mose aramubwira ati: "Ivyo uriko urakora si vyiza. 18 Wewe mwe n’abo bantu bose muzoruha kuko igikorwa ufise ari kinini. Ntushobora kugikora neza wenyene. 19 Ntega amatwi ndaguhe impanuro, kandi Imana ibane nawe. Ubandanye userukira abantu ku Mana, uyizanira amatati yabo. 20 Ubigishe amategeko n’ivyagezwe, kandi ubereke uko bakwiye kwigenza n’ivyo bakwiye gukora. 21 Ariko utoranye bamwe mu bantu bubaha Imana, b’abizigirwa, banka igiturire, ubagire abacamanza bamwe b’ibihumbi, abandi b’amajana, abandi ba mirongo itanu hamwe n’aba cumi. 22 Ubagire abacamanza b’abandi ibihe vyose, bazohore bakuzanira imanza zigoye gusa, izoroshe abe ari bo bazica. Ivyo bizotuma igikorwa cawe coroha kuko bazokigufasha. 23 Niwabikora uko, kandi nimba bivuye ku Mana, ntuzoruha cane kandi n’abantu bazotunganirizwa."