Ukuvuka kwa Mose n’ubuzima bwiwe
1 Ico gihe umugabo wo mu muryango wa Lewi arongora umugore wo muri uwo muryango nyene. 2 Uwo mugore asama inda, avyara umwana w’umuhungu. Abonye ingene uwo mwana ari mwiza, aca aramunyegeza kumara amezi atatu. 3 Ariko, abonye ko atagishoboye kuguma amunyegeje, aca yakira agaseke gakozwe mu nkorogoto, aragahoma neza akoresheje ikaburimbi n’uburembo, hanyuma aca amutereka mu rufunzo rwo ku nkengera y’uruzi Nili. 4 Mushiki w’uwo mwana aca ahagarara hirya yaho kugira ngo arabe ivyomushikira.
5 Hanyuma umukobwa wa Farawo amanuka ku ruzi kwiyuhagira, incoreke ziwe na zo ziba ziratembera ku nkengera y’uruzi. Nuko abona ka gaseke kari mu rufunzo aca atuma incoreke yiwe kukamuzanira. 6 Agapfunduruye asanga karimwo umwana. Uwo mwana yariko ararira hanyuma aca amugirira impuhwe, aravuga ati: "Uwu ategerezwa kuba ari umwe mu bana b’Abaheburayo."
7 Maze mushiki w’uwo mwana aca abaza uwo mukobwa wa Farawo ati: "Nje mu Baheburayokazi kukuronderera umugore yomukwonkereza, akamurera?"
8 Na we aramwishura ati: "Egome, genda." Mushikiwe aca aja guhamagara nyina wiwe. 9 Wa mukobwa wa Farawo aramubwira ati: "Akira uwu mwana umunyonkereze, nzoguhera." Wa mugore aca aramwakira aja kumurera. 10 Umwana amaze gukura, aca amutwara kwa wa mukobwa wa Farawo, aba umuhungu wiwe. Aca amwita Mose, risobanurwa ngo: "Namukuye mu mazi."