3 Ntukagire izindi mana umbangikanya.
4 Ntukibazire ikigirwamana mw’ishusho y’ikintu na kimwe, caba ico hejuru mw’ijuru canke hasi kw’isi, canke i kuzimu, canke mu biyaga. 5 Ntuzovyikubite imbere canke ngo ubikorere, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi Imana ipfuha, mpanira abana ivyaha vya ba sekuruza babo gushika ku runganwe rwa gatatu n’urwa kane rw’abanyanka. 6 Ariko abankunda bakitondera ivyagezwe vyanje, ndabereka urukundo gushika ku runganwe rw’igihumbi.
7 Ntukavuge izina ry’Uhoraho Imana yawe ku busabusa. Kuko Uhoraho atazobura guhana abakoresha izina ryiwe ukutariko.
8 Wibuke guhimbaza umusi w’Isabato mu kuweza. 9 Uze ukore ibikorwa vyawe vyose mu misi itandatu, 10 ariko umusi w’indwi ni Isabato y’Uhoraho Imana yawe. Kuri uwo musi, yaba wewe, umuhungu canke umukobwa wawe, yaba umukozi wawe w’umuhungu canke w’umukobwa, ibitungwa vyawe canke umunyamahanga aba iwawe, ntihaze hagire igikorwa na kimwe muwukorako. 11 Kuko mu misi itandatu ari ho Uhoraho yaremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibiri muri vyo vyose, hanyuma akaruhuka ku musi ugira indwi. Ni co gituma Uhoraho yahezagiye Isabato akayigira iyera.
12 Wubahe so na nyoko kugira ngo uzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yawe iguhaye.
13 Ntukice.
14 Ntugasambane.
15 Ntukibe.
16 Ntukarementanirize ibinyoma mugenzawe.
17 Ntukipfuze inzu ya mugenzawe canke umugore wa mugenzawe, umukozi wiwe w’umuhungu canke w’umukobwa, inka yiwe canke indogoba, canke ikindi kintu cose ca mugenzawe."