11 Farawo na we aca atumako ba kamenyi n’abapfumu biwe, maze abo ba kamenyi b’Abanyegiputa na bo baca bakora ikimenyetso gisa n’ico nyene bakoresheje amareba yabo, 12 baterera inkoni zabo hasi zica zicika inzoka. Ariko ya nkoni ya Aroni ica imiragura za nkoni zabo.
Publicidade