Pular para o conteúdo
Publicidade

Kuvayo 31

Ivya Bezaleli na Oholiyabu

1 Uhoraho yongera abarira Mose ati: 2 "Ehe raba natoranije Bezaleli mwene Uri, umwuzukuru wa Huri wo mu muryango wa Yuda, 3 kandi namwujuje Mpwemu w’Imana, ubwenge, ugutahura, ubumenyi n’ubuhinga bw’ubwoko bwose, 4 kugira ngo ashobore gukora ibikorwa vy’ubuhinga mu nzahabu, mw’ifeza no mu mwakaka. 5 Afise ubuhinga bwo gukorogoshora amabuye n’ibiti, n’ubwo gukora ibintu bitandukanye.

Veja também