Publicidade

Gênesis 2

22 Maze Uhoraho Imana abumba umugore muri urwo rubavu, araheza amuzanira wa mugabo.

23 Wa mugabo aca aravuga ati:

"Iri ni igufa ryo mu magufa yanje,

ni agace k’umubiri wanje!

Azokwitwa umugore

kuko yakuwe mu mugabo."

24 Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze bakaba umubiri umwe.

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-