Publicidade

Gênesis 18

23 Aburahamu aramwegera aramubaza ati: "None ugiye kurandurana abagororotsi n’abanyakibi? 24 Hamwe wosanga hariyo abantu mirongo itanu b’abagororotsi muri kirya gisagara, na ho nyene wokirandura; ntiwogihangaza ku bwabo? 25 Oya ntiwokora ikintu gisa n’ico; ntiworandura abagororotsi hamwe n’abanyakibi; ngo umugororotsi afatwe co kimwe n’umunyakibi. Ivyo ntibikabe! Mbega Umucamanza w’isi yose ntakwiye gukora ibigororotse?"

26 Uhoraho aramwishura ati: "Ninasanga hari abagororotsi mirongo itanu i Sodomu, igisagara cose ndagihangaza ku bwabo."

27 Aburahamu arabandanya ati: "Umpangaze, nubahutse kuvugana n’Imana kandi ndi umukungugu n’umunyota. 28 Mbega hamwe wosanga ari mirongo ine na batanu, badashika mirongo itanu, na ho nyene worandura igisagara cose kubera abo batanu babuze?"

Uhoraho arishura ati: "Ninasanga hari abagororotsi mirongo ine na batanu i Sodomu, sindakirandura."

29 Aburahamu yongera kubaza ati: "Hamwe ho wosanga ari mirongo ine gusa?"

Uhoraho arishura ati: "Na ho nyene sindakirandura ku bw’abo mirongo ine."

30 Aburahamu aravuga ati: "Mwami, ndasavye ntunshavurire, umpangaze mvuge. Hamwe ho wosanga ari mirongo itatu?"

Uhoraho arishura ati: "Sindabikora ninasanga ari mirongo itatu."

31 Aburahamu arabandanya ati: "Umpangaze, nubahutse kuvugana n’Imana kandi. Birashoboka ko wosanga ari mirongo ibiri gusa."

Uhoraho aramwishura ati: "Sindakirandura nibaba ari mirongo ibiri."

32 Ubwa nyuma Aburahamu arabaza ati: "Mwami, ndasavye ntunshavurire, umpangaze mvuge rimwe gusa. Hamwe wosanga hari icumi ho?"

Uhoraho aramwishura ati: "Ku bw’abo icumi sindakirandura."

33 Uhoraho ahejeje kuvugana na Aburahamu, abandanya inzira yiwe, Aburahamu na we asubira i muhira iwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-28_14-13-17-