Isaka na Abimeleki
1 Inyuma y’aho hatera inzara mu gihugu, nk’uko vyari vyarabaye mu gihe ca Aburahamu. Isaka aca aja kuba i Gerari, mu gihugu ca Abimeleki, umwami w’Abafilisitiya. 2 Uhoraho yiyereka Isaka amubwira ati: "Ntuje muri Egiputa, ahubwo uze ube mu gihugu nzokwereka. 3 Guma muri iki gihugu, nzobana nawe ndaguhezagire. Wewe n’uruvyaro rwawe nzobaha iki gihugu, kandi nzoshitsa indahiro narahiye so Aburahamu. 4 Uruvyaro rwawe nzorugwiza rungane n’inyenyeri zo kw’ijuru, kandi nzobaha iki gihugu cose kibe icabo. Mbere amahanga yose yo mw’isi azohezagirwa biciye ku ruvyaro rwawe. 5 Ibi nzobikora kuko Aburahamu yanyumviye akitondera ivyo namwihanikirije, amabwirizwa yanje, ivyo nashinze n’ivyagezwe vyanje." 6 Nuko Isaka agerera i Gerari.
7 Ababa muri ico gihugu babajije Isaka ku bijanye n’umugore wiwe Rebeka, ababwira ati: "Ni mushikanje"; kuko yaratinya kuvuga ko ari umugore wiwe, yibwira ati: "Bazonyica banziza Rebeka, kuko ari mwiza cane."
8 Ariko haheze igihe Isaka aba aho hantu, Abimeleki umwami w’Abafilisitiya arabira mw’idirisha maze abona Isaka ariko arakuyakuya Rebeka umugore wiwe.