5 Ibihe vy’imisi mikuru yabo biheze, Yobu yaca atumako abana biwe ngo abeze. Yarazinduka kare mu gitondo agatangira ikimazi co guturirwa umwe wese muri bo, kuko yibwira ati: "Kumbure abana banje boba bacumuye bagatuka Imana mu mitima yabo." Ivyo Yobu yama abikora nk’umugenzo wiwe.