Publicidade

Gênesis 17

3 Aburamu avyumvise yikubita hasi yubamye. Maze Imana aramubwira iti: 4 "Iri ni ryo sezerano ngiranye nawe: nzokugira sekuruza w’amahanga menshi. 5 Kandi kuva ubu ntuzosubira kwitwa Aburamu, uzokwitwa Aburahamu, kuko ndakugize sekuruza w’amahanga menshi. 6 Nzoguha kurondoka cane. Uruvyaro rwawe ruzovamwo amahanga menshi, kandi muri bo hazovamwo abami. 7 Nzokomeza isezerano hagati yawe nanje no hagati yanje n’uruvyaro rwawe ribe isezerano ridahera, uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi. Nzoba Imana yawe n’Imana y’uruvyaro rwawe. 8 Igihugu cose c’i Kanani, ico ubamwo ubu nk’umunyamahanga, nzokiguha wewe n’uruvyaro rwawe kibe icanyu bwegu ibihe vyose, kandi nzobabera Imana."

Icerekana iryo isezerano

9 Imana yongera ibwira Aburahamu iti: "Wewe n’uruvyaro rwawe mubwirizwa kwubahiriza iri sezerano, uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi. 10 Iri ni ryo sezerano ryanje wewe n’uruvyaro rwawe mubwirizwa kwubahiriza: umuhungu wese ategerezwa gukebwa. 11 Mutegerezwa gukebwa, kandi ico kizoba ikimenyetso c’isezerano ngiranye namwe.

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-