7 Nuko muka Potifari atangura kumwipfuza, aramubwira ati: "Ingo turyamane!"
8 Ariko Yosefu aramwankira ati: "Urabona ko databuja ata kintu kimuraje ishinga, kuko yanjeje ivyo mu nzu yiwe vyose. 9 Nta muntu n’umwe muri iyi nzu andusha ububasha. Nta kintu na kimwe databuja yisigarije kiretse wewe, kuko uri umugore wiwe. None nokwubahuka gute gukora ikibi nk’ico, ngacumura ku Mana?" 10 Wa mugore abandanya agora Yosefu ku musi ku musi, ariko Yosefu yanka kuryamana na we, amwigira kure uko bishoboka.
11 Umusi umwe, Yosefu yinjira mu nzu gukora ibikorwa vyiwe ata wundi muntu n’umwe ahari. 12 Wa mugore amufata impuzu, aramubwira ati: "Ingo turyamane!" Yosefu aramwiyaka arasohoka, ariko wa mugore asigarana umutamana wiwe mu minwe.