5 Ubu rero ntimubabare kandi ntimwiteko ishavu ko mwangurishije muri kino gihugu. Imana ni yo yandungitse imbere yanyu, kugira ngo ikize ubuzima bwanyu mu gihe nk’iki. 6 Iyi nzara imaze imyaka ibiri, ariko haracasigaye iyindi itanu, ata kurima kandi ata kwimbura. 7 Imana yandungitse hano imbere yanyu kugira ngo mwebwe n’imiryango yanyu ntimuhone kandi kugira ngo harokoke abantu benshi.
8 Si mwebwe rero mwandungitse hano, ni Imana. Kandi ni yo yangize umuhanuzi mukuru wa Farawo. Yampaye kuganza ikirimba ciwe, angira n’umukuru w’igihugu cose ca Egiputa.