16 aramubwira ati: "Indahiro ni jewe nyene, ni ko Uhoraho avuze: ko wanyumviye ntunyime umwana wawe kandi ari ikinege, 17 nzoguhezagira vy’ukuri kandi nzogwiza uruvyaro rwawe nk’inyenyeri zo kw’ijuru canke nk’umusenyi wo ku kiyaga. Bazokwigarurira ibisagara vy’abansi babo, 18 kandi amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa biciye ku ruvyaro rwawe, kuko wanyumviye."