12 Niwarima, nta co uzokwimbura. Uzoba inyererezi igendagenda kw’isi."
13 Kayini yishura Uhoraho ati: "Igihano ndonse kiraremereye kandi kirandengeye. 14 Unyirukanye muri kino gihugu kandi unyirukanye imbere yawe. Ungize inyererezi itagira aho iba kw’isi kandi umuntu wese azombona ashobora kunyica."
15 Uhoraho aramwishura ati: "Oya, si ko bizogenda. Umuntu azokwica Kayini azobihanirwa incuro indwi." Nuko Uhoraho ashira kuri Kayini ikimenyetso co kugabisha kugira ngo uwuzomubona ntazomwice. 16 Nuko Kayini ava imbere y’Uhoraho, aja kuba mu gihugu c’i Nodi, mu buseruko bwa Edeni.