10 Yobu amaze gusengera bagenziwe, Uhoraho asubira kumuha ubutunzi buruta incuro zibiri ubwo yari afise ubwa mbere. 11 Abo bavukana bose, hamwe n’abo bari bazinanyi kuva kera, baraza basangira na we i muhira iwe. Baramwirura ku bw’amagorwa Uhoraho yari yamuteye, kandi umwumwe wese amugabira ifeza n’impeta z’inzahabu.
12 Uhoraho ahezagira ubuzima bwa Yobu bwakurikiye gusumba ubwa mbere. Aronka intama ibihumbi cumi na bine, ingamiya ibihumbi bitandatu, inka zirima igihumbi, hamwe n’indogoba igihumbi, 13 yongera aronka abahungu indwi n’abakobwa batatu. 14 Umukobwa wa mbere yamwise Yemima, uwa kabiri amwita Keziya, uwa gatatu na we amwita Kereni-Hapuki. 15 Muri ico gihugu cabo, nta bandi bakobwa bariho banganya ubwiza n’abakobwa ba Yobu, kandi sewabo yabahaye gutorana hamwe n’abahungu biwe.
16 Inyuma y’ivyo, Yobu yabayeho iyindi myaka ijana na mirongo ine, abona abuzukuru n’abuzukuruza gushika kuri iconiki. 17 Nuko Yobu apfa ashaje cane, ageze mu zabukuru.