Uruzi ruva mu Ngoro
1 Wa muntu ansubiza inyuma ku rwinjiriro rw’Ingoro, mbona amazi ava musi y’umuryango w’Ingoro, atemba aja mu buseruko, kuko iyo nzu yaraba mu buseruko. Ayo mazi yatemba aca musi y’uruhande rwo mu bumanuko, musi y’igicaniro. 2 Aca aransohokana ancishije mw’irembo ryo mu buraruko, antwara kw’irembo riraba mu buseruko. Ni ho nabona ko ayo mazi atemba aca musi y’uruhande rwo mu bumanuko.