18 Uhoraho Imana aravuga ati: "Si vyiza ko umuntu yibana wenyene. Ngira ndamuronderere umufasha bakwiranye."
19 Nuko Uhoraho Imana arema mw’ivu ibikoko vyose vyo mw’ishamba n’inyoni zose zo mu kirere, vyose abicisha imbere ya wa muntu kugira ngo avyite amazina, kandi uko yita ikiri n’ubuzima cose, ryaca riba izina ryaco. 20 Yise amazina ibikoko vyose vy’ibitungwa, inyoni zose zo mu kirere n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba.
Ariko uwo muntu ntiyashoboye kuronkamwo umufasha bakwiranye. 21 Nuko Uhoraho Imana asinziriza wa muntu ubutikoma. Agisinziriye, amukuramwo urubavu rumwe, maze muri ico kibanza ruvuyemwo ahuzuza inyama. 22 Maze Uhoraho Imana abumba umugore muri urwo rubavu, araheza amuzanira wa mugabo.
23 Wa mugabo aca aravuga ati:
"Iri ni igufa ryo mu magufa yanje,
ni agace k’umubiri wanje!
Azokwitwa ‘umugore’
kuko yakuwe mu mugabo."
24 Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze bakaba umubiri umwe.