21 Nuko Uhoraho Imana asinziriza wa muntu ubutikoma. Agisinziriye, amukuramwo urubavu rumwe, maze muri ico kibanza ruvuyemwo ahuzuza inyama. 22 Maze Uhoraho Imana abumba umugore muri urwo rubavu, araheza amuzanira wa mugabo.
23 Wa mugabo aca aravuga ati:
"Iri ni igufa ryo mu magufa yanje,
ni agace k’umubiri wanje!
Azokwitwa ‘umugore’
kuko yakuwe mu mugabo."
24 Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze bakaba umubiri umwe.