6 Ariko wewe mwana w’umuntu, ntuzobatinye, canke ngo utinye amajambo yabo. Ntuzotinye naho uzoba uri hagati mu gisuru canke mu mahwa, ukaba muri za sikoropiyo. Ntuzotinye ivyo bavuga, canke ngo bagutere ubwoba, naho ari inzu y’abagarariji. 7 Uzobabwire ijambo ryanje, bemeye kuryumviriza canke batemeye kuryumvirize, kuko ari abagarariji.
Publicidade
Publicidade