14 "Nimungarukeko, mwa bana batizigirwa," ni ko Uhoraho avuze, "kuko ndi shobuja. Nzobatoranya, ndabakure iyo mwasabagiriye, umwe ndamukure mu gisagara kimwe na babiri mu muryango umwe, maze ndabazane i Siyoni. 15 Hanyuma nzobaha abungere bahuye n’uko umutima wanje ugomba, bazobarongora mu kumenya no mu gutahura. 16 Muri iyo misi, ibitigiri vyanyu nivyamara kwongerekana cane mu gihugu," ni ko Uhoraho avuze, "abantu ntibazosubira kuvuga ivy’Isandugu y’Isezerano ry’Uhoraho. Ntizosubira na rimwe kwinjira mu bwenge bwabo; ntizokwibukwa, kandi ntizosubirizwa.
Publicidade