1 Ni nde yizeye ubutumwa bwacu,
kandi ni ba nde Uhoraho yahishuriye ukuboko kwiwe kw’ubushobozi?
2 Yakuriye imbere y’Uhoraho ameze nk’igiterwa kigoyagoya,
ameze nk’agati kamera kava mw’isi yumye.
Ntiyari afise ubwiza canke ishusho ikayangana ngo bitume abantu bamwirukira,
nta co twamubonako cotumye tumwipfuza.
3 Yarasuzugurwa, agakumirwa n’abantu,
yari umunyamibabaro, yari azi kubabazwa ico ari co.
Yari ameze nk’umuntu abandi batagomba kuraba,
yarakengerewe, natwe nta gaciro twamuhaye.
4 Ariko ni ukuri imibabaro yacu ni yo yishizeko,
imibabaro yacu ni yo yikoreye.
Ariko twibajije ko yahanywe n’Imana,
ko yakubiswe na yo, kandi akababazwa.
5 Ariko ivyaha vyacu ni vyo yacumitiwe,
yajanjaguriwe ibigabitanyo vyacu;
igihano kiduhesha amahoro cabaye kuri we,
kandi ibikomere vyiwe ni vyo bidukiza.