Pular para o conteúdo
Publicidade

Isaías 53

3 Yarasuzugurwa, agakumirwa n’abantu,

yari umunyamibabaro, yari azi kubabazwa ico ari co.

Yari ameze nk’umuntu abandi batagomba kuraba,

yarakengerewe, natwe nta gaciro twamuhaye.

4 Ariko ni ukuri imibabaro yacu ni yo yishizeko,

imibabaro yacu ni yo yikoreye.

Ariko twibajije ko yahanywe n’Imana,

ko yakubiswe na yo, kandi akababazwa.

5 Ariko ivyaha vyacu ni vyo yacumitiwe,

yajanjaguriwe ibigabitanyo vyacu;

igihano kiduhesha amahoro cabaye kuri we,

kandi ibikomere vyiwe ni vyo bidukiza.

Veja também