1 Nimuze yemwe abafise inyota,
nimuze mwironkere amazi;
na mwebwe mudafise amahera nimuze,
nimuze, musume kandi murye!
Nimuze, mugure umuvinyu n’amata,
ata mahera, ata kiguzi.
2 Ni kuki muta amahera yanyu ku bitari indya,
mukaruhira ibitabahaza?
Nimunyumvirize kugira ngo mubone kurya ivyiza,
ni ho muzonezerererwa ivyokurya biryoshe.
3 Nimutege amatwi, muze aho ndi,
mwumvirize, kugira ngo mubone kubaho.
Nzogirana namwe isezerano ry’intahava,
ari ryo sezerano ry’urukundo rudahera nasezeraniye Dawidi.
4 Ehe raba, namugize icabona co gushingira intahe abantu,
ndamugira umutware wo kubarongora.
5 Ni ukuri nawe uzotegeka amahanga utazi,
kandi amahanga utigeze umenya azokwihuta aza aho uri,
abitewe n’Uhoraho Imana yawe,
Uwera wa Isirayeli,
kuko azoba yakwambitse ubwiza.
6 Nimurondere Uhoraho bigishoboka ko mumubona,
mumuhamagare akiri hafi.