1 Imana ni yo buhungiro bwacu n’inkomezi
ni umufasha atabura guseruka mu magorwa.
2 Ni co gituma tutazotinya, naho isi yonyiganyiga
n’imisozi ikagwa mw’ibenga ry’ikiyaga,
3 naho amazi yaco yosuriranya akuzura ifuro
agatera n’imisozi kunyiganyiga.
6 Amahanga avugije urwamo, ubwami buranyiganyize;
yumvikanishije ijwi ryayo, maze isi irashonga.
10 Uhoraho aravuga ati: "Nimutekereze, mumenye ko ndi Imana;
nzoshirwa hejuru mu mahanga yose,
nzoshirwa hejuru mw’isi."