Publicidade

Salmos 113

1 Himbaza Uhoraho.

Nimuhimbaze Uhoraho, yemwe basavyi biwe;

nimuhimbaze izina ryUhoraho.

2 Izina ryUhoraho nirihimbazwe,

uhereye ubu ukageza ibihe vyose.

3 Uhereye iyo izuba riserukira ukageza iyo rirengera,

izina ryUhoraho rikwiye guhimbazwa.

4 Uhoraho ashizwe hejuru y’amahanga yose,

icubahiro ciwe kiri hejuru y’amajuru.

5 Ni nde ameze nkUhoraho Imana yacu,

avyagiye ku ntebe y’ubwami iyo mw’ijuru,

6 yunamishwa no kuraba

amajuru n’isi?

7 Akura umugorwa mu mukungugu,

ashira hejuru umukene, amukuye mu mwavu;

8 akabicarikana n’abakomeye,

abakomeye bo mu bantu biwe.

9 Ashira umugore w’ingumba mu nzu yiwe

akamugira nyina w’abana ahiriwe.

Himbaza Uhoraho

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-