Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi umusavyi w’Uhoraho, iyo yaririmbiye Uhoraho muri aya majambo amaze kumukiza abansi biwe bose, no kumukura mu maboko ya Sawuli. Yavuze ati:
1 Ndagukunda, Uhoraho, uri inkomezi zanje.
2 Uhoraho ni we gitandara canje, igihome canje kinkingira n’umutabazi wanje;
Imana yanje ni igitandara canje nihishamwo,
inkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’umunara mpungiramwo.