Zaburi Dawidi yanditse igihe yahunga umuhungu wiwe Abusalomu.
1 Uhoraho, abanyanka ni benshi!
Abampagurukiye baragwiriye!
2 Benshi bamvugako bati:
"Imana ntizomukiza."
3 Ariko wewe Uhoraho, uri inkinzo inkingira impande zose,
uri icubahiro canje, uwutuma mpagarara nemye.
4 Nambaza Uhoraho,
na we akanyishura ari ku musozi wiwe wera.
5 Ndaryama ngasinzira;
nkongera nkikangura, kuko Uhoraho ari we anshigikiye.
6 Sinzotinya naho ingabo ibihumbi vyinshi
zonyugariza impande zose.